Home AMAKURU ACUKUMBUYE Kenya: 50 batorotse ibigo by’abakestweho Covid-19 bari gushakishwa ngo basubizwemo.

Kenya: 50 batorotse ibigo by’abakestweho Covid-19 bari gushakishwa ngo basubizwemo.

Umukuru w’igihugu cya Kenya Uhuru Kenyatta avuga ko abantu bacitse bava mu bigo bishyirwamwo abaketswe ko banduye coronavirus bagomba gushakishwa bagasubizwa muri ibyo bigo kugeza barangijwe gupimwa.

Ibyo yabivugiye mw’ijambo yavuze muri iki gitondo nyuma y’uko hgaragajwe amashusho y’abo bantu ubwo batorokaga.

yashikirije mu gatondo ko kuri uno wagatatu haciye amasaha makeya hasohotse ireresi yerekana abo bantu bariko baratoroka.

Abantu babarirwa muri mirongo bafotowe bari gutoroka  bava mu bigo bashyizwemo  kugira ngo barabe ko batanduye Coronavirus mu murwa mukuru Nairobi.

Amashusho yakwirakwijwe yagaragaje abantu bari bari gusimbuka uruzitiro rwa kimwe muri ibyo bigo, ibinyamakuru bitandukanye byo muri Kenya byatangaje ko abagera kuri 50 aribo batorotse ariko leta yo ntabwo yigeze yemeza iyo mibare. Ariko yemeza ko abo bantu bose bazongera bagatahurwa kandi bagasubizwa muri ibyo bigo.

Ministri w’ubuzima muri iki gihugu ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri yatangaje ko police iri gukora ibishoboka byose ngo imenye ibijyanye n’iryo toroka.

Televiziyo Citizen yo muri ico gihugu yatangaje ko aba batorotse byari mu isaha yo gufata amafunguro, yanyuma ubwo imvura yahise igwa abashinzwe kubacunga bajya kwugama imvura, naho abanda babaca murihumye barasimbuka.

Abarenga 400 bashyizwe muri ibi bigo, bamwe bashyizwemo ku ngufu nyuma yo kurenga ku mabwiriza yo kuguma mu rugo mu rwego rwo kwirinda ikwirakwizwa ry’icyorezo cya Covid-19. Bamwe bari bafashwe bari kunywera inzoga kandi utubari twarafunzwe, abanda nabo bagafatirwa mu muhanda bananiwe kuguma mu rugo

 

N. Aimee

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here